Tanzaniya nta ndege yarungitse Kenya nta ndege yarungitse Uganda ntiyarungitse indege

Igihe

Member
Apr 7, 2024
19
15
Tanzaniya nta ndege yarungitse
Kenya nta ndege yarungitse
Uganda ntiyarungitse indege
Congo ntaco yakoze yo ngira ntaco yari inashoboye.
Naho bari kubishaka erega boza bavuye kure sico kimwe na ya 25 min ya Kigali-Bujumbura.
Vyukuri umuzimyamuriro mu kirundi bisigura umubanyi ugutabara iyo utewe kandi akaza vuba.

CNDD FDD irashaka kutwemeza ko Urwanda ari umwansi mugihe tubizi ko baduserutseko kenshi nako bayiserutseko kenshi ko ninayo iri ku butegetsi. Vyoshoboka ko Uburundi butashimye ko Urwanda rwakiriye impunzi bwariko buratoteza Ariko navyo si ubwambere benshi abari kubutegetsi nabo bakuriye mu Rwanda kuko ico gihe umutekano wabo babona ko ubangamiwe mu Burundi. Ni nk’uko hari n’abanyarwanda Uburundi bwakiriye. Ivyo ntibizokwigera bireka kuba kuko umurundi guhungira mu Rwanda canke umunyarwanda guhungira mu Burundi biba vyoroshe ni nko kuba uri iwanyu kubera n’ururimi.

Jewe rero ndazi ko no muri iyi misi y’umwuzure bishitse Ndayishimiye agahamagara mugenzi we Paul Kagame atobura ico amufasha kandi kiboneka nk’umubanyi.

Mu kirundi bavuga ngo Umubanyi niwe muryango, natwe nk’Uburundi ntitwobura ico dufasha hamwe vyokenerwa.
 
Back
Top Bottom